Reta y'Uburundi Irabeshuza Raporo ya ONU

Reta y'Uburundi irahakana ivyatangajwe mu cegeranyo cakozwe n'umurwi w’abahinga ba ONU bigenga utohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu 2015. Muri ico cegeranyo casohotse mu nama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu igira 39 yatanguye kuri uno wa mbere, uwo murwi wagirije  ubutegetsi ivyaha vyinshi harimwo ubwicanyi ndengerabutungane n’inyuruzwa ry’abantu. Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'Uburundi  Gaston Sindimwo arahakana ivyo birego vyose. Sindimwo  anemeza ko Reta iriko iriga ukuntu imigenderanire n’ibindi bihugu harimwo u Rwanda yonagurwa. Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge-Willy Kaneza    

from Voice of America https://ift.tt/2QG15wk
via IFTTT

No comments:

Post a Comment