Isirayeli Yemeye Kwakira Abanyetiyopiya 1000

Reta ya Isirayeli yatangaje ejo kuwa mbere ko igiye kuzokwemerera abimukira 1000 b’Abanyetiyopiya muri Isirayeli, igitigiri gito ku banyetiyopiya 8,000 bipfuza kwimukira mur'ico gihugu. Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yashikirije ko hari umurwi w’igihugu udasanzwe washinzwe, ari nawo wemereye Abanyetiyopiya baza bafise abana muri Isirayeli kwimukira mur’ico gihugu. Abasigaye ibihumbi indwi nabo bipfuza kuja muri isirayeli ivyabo ntawuzi uko bigiye kumero.   Ivyo bihumbi umunani vyamuka ku bayahudi bafise amamuko muri Etiyopiya basunitswe ku nguvu kwinjira mw’idini rukristu haraheze imyaka ishika ijana.

from Voice of America https://ift.tt/2MMY4HK
via IFTTT

No comments:

Post a Comment