Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Trump avuga ko amasezerano mashasha yerekeye ubudandaji hagati y’igihugu ciwe, Canada na Mexique ariyo masezerano akomeye cane mu vyerekeye ubudandaji mu mateka ya Amerika. Avuga ko ayo masezerano azofasha mu gukingira abakozi b’Abanyamerika. Inyuma y’ibiganiro bikomeye vyo ku munuta wa nyuma, abategetsi b’Amerika na Canada batangaje mu masaha akuze yo ku musi w’Imana ko bashitse ku masezerano azisubirira ayari ahasanzwe hagati ya Amerika, Canada na Mexique yari amaze hafi y’imyaka 25 yari azwi kw’izina rya NAFTA. Prezida Trump amenyesha kw’ayo matangazo mashasha azogirira akamaro gakomeye impande zose. Ivyo Trump yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru imbere y’inyubakwa irimwo ibiro vyiwe, Maison Blanche, uno musi ku wa mbere. Bitegekanijwe ko amasezerano mashasha y’ubudandaji hagati ya Amerika, Canada na Mexique, “US-Mexico-Canada Agreement”, USMCA, mu mpfunyapfunyo, aterwako igikumu mu misi 60 na Perezida Trump na bagenziwe b’ibihugu vya Canada na Mexique. Prezida Trump avuga ko ayo masezerano azokosora amakosa atari make n’utundi tunenge twari mu masazerano yari ahasanzwe ya NAFTA. Vyitezwe ko inama nshingamateka na nkenguzamateka bifata ingingo kuri ayo masezerano mashasha mu mwaka uza.
from Voice of America https://ift.tt/2RiWqAK
via IFTTT
No comments:
Post a Comment