Abadereva ba Kenya Airways Bashobora Guhagarika Akazi

Kuva ku musi wa kane w’iyi ndwi mu kiringo c’amasaha 48 b’ikompanyi ya Kenya Airways bavuga ko bazohagarika akazi mu gihe umuyobozi mukuru wa Kenya Aiways, Mbuvi Ngunze, atokwegura. Mw’ikete bashize ahabona bemeza ko ingingo yabo ari ntasubirwamwo. Bwana Ngunze yagirizwa n’abo badereva ko ayobora nabi ishirahamwe bigatuma rihahombera co kimwe n’abakozi bose muri rusangi. Turetse gusaba ko umuyobozi mukuru wabo atanga imihoho banasaba ko abandi bose bagize urwego nyobozi bagirizwa gutwara nabi nabo bobogozwa bose. Batanga akarorero ko mu mezi atandatu gusa mu mwaka w’i 2015 Kenya Airways yagize igihombo c’imiliyaridi hafi 12 z’amashilingi ya Kenya, angana n’imiliyoni 120 z’amadolari y’Abanyamerika. Hagati y’umwaka w’i 2014 n’i 2015 naho, urwo rwego rw’aba dereva rwemeza ko kompanyi yahomvye imiliyaridi zirenga 29 z’amashilingi ya Kenya akaba arenga imiliyoni 290 z’amadolari y’abanyamerika. Kompanyi ya Kenya Airways iri mu muzikomeye ku mugabane wa Afrika. Ku musi ku musi itwara ingenzi zigera ku bihumbi 10. Ariko uyu mwaka, bitewe n’igihombo imazemwo imyaka itatu n’igice, yahagaritse ingendo 10 harimwo zibiri zaja mu Burundi. Mu misi iheze, iyo kompanyi yatangaje ko igiye gufuta mu kazi abakozi bagera kuri 600 kubera ubutunzi bwayo butifashe neza.  

from Voice of America https://ift.tt/2O5g5Sh
via IFTTT

No comments:

Post a Comment