NATO Yarishe Abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu muri Siriya

Urunani rurongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ruriko rurwanya umuhari wa reta ya kiyisilamu rwaragavye igitero kigira kabiri ku musigiti mu buseruko bwa Siriya mu kiringo kiri munsi y’indwi. Urwo runani ruvuga ko uwo musigiti wakoreshwa n’abo barwanyi mu kugaba ibitero. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwabwiye Ijwi ry’Amerika ko ico gitero co ku wa mbere cishe abarwanyi bahora barasa abasirikare b’urwo runani binyegeje muri uyo musigiti uri hafi y’urubibe na Iraki. Uwo musigiti watewe ejo ku wa mbere wari ku birometero 2, 5 y’uwundi watewe mu ndwi iheze. Igihugu ca Siriya kirafise amategeko akingira imisigiti, ariko mu gihe ikoreshejwe nk’ubwihisho bw’abarwanyi b’umuhari wa reta ya kiyisilamu, iyo misigiti ica itakaza uko gukingirwa, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare c’Amerika Colonel Robert Manning ejo kuwa mbere.

from Voice of America https://ift.tt/2JaN0Ux
via IFTTT

No comments:

Post a Comment