Umutambukanyi wa perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Melania Trump, aratangura urugendo uno musi ku wa mbere mu karere ka Afurika. Ni urugendo rwa mbere azoba agize ari wenyene mu mahanga kuva umugabo wiwe abaye perezida. Ibiro vya perezida bimenyesha ko urugendo rwiwe rw’imisi itanu ruzomujana mu bihugu bine vyo muri Afurika: Ghana, Malawi, Kenya na Misiri. Melania Trump azoshimikira ku kwitaho abavyeyi n’abana bakivutse mu bitaro, guha abana inyigisho zo mu mashule hamwe n’umico n’amateka biranga ibihugu vyo muri Afurika. Azoshimikira kandi ku kugene Amerika ifasha ibihugu vyo muri Afrika mu migambi yavyo y’ukwigwanako. Ukubaho neza kw’abana vyarashimikiweko cane n’umugambi wa Melania Trump, “Be Best’ watangujwe mu ntango z’uyu mwaka. Urugendo rwiwe muri Afrika rushobora kutoroherezwa n’ingingo hamwe n’amajambo yashikirijwe n’umugabo wiwe, avurwako yatyoje akarere ka Afrika. Yamara Joshua Meservey, umuhinga akomeye ku migambi yerekeye akarere ka Afrika mu kigo, “Heritage Foundation” abona ko ata ngaruka inyifato ya Prezida Trump ku vyerekeye akarere ka Afrika izogira ku rugendo rw’umutambukanyi wiwe muri iyo ntara. Avuga ko imigenderanire hagati ya Amerika na Afurika irengeye cane ivyatangajwe na perezida Trump. Melania Trump akwirikiye abandi batambukanyi b’abaperezida ba Amerika bagendeye akarere ka Afurika. Hilary Clinton, Laura Bush na Michelle Obama baragendeye Afurika incuro zitari nke.
from Voice of America https://ift.tt/2QmlJRs
via IFTTT
No comments:
Post a Comment