USA: Imvura n'Igihuhusi Florence Bimaze Guhitana Abantu 16

Buramatari wa reta ya Carolina ya ruguru muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Roy Cooper atangaza ko abapfa bashobora kwiyongera mugihe amazi y’imvura y’urutavanako abandanya aba menshi mur’iyo reta. Aburira abanyagihugu arongoye kuba maso kandi bihutire kuja mu bibanza bitabangamiwe mugihe bosabwa guhunga, ivyo yabitangaje ejo ku musi w’Imana. Ico gihuhusi kivanze n’imvura nyinshi cataziriwe Florence kimaze guhitana ubuzima bw’abantu 16 kandi ibisagara nka vyose mur’iyi reta vyaratewe n’imyuzure y’amazi. Amabarabara makuru makuru aca mur’iyo reta yose yuzuye ibidengeri vy’amazi, nayo amazu arenga ibihumbi 700 nta muyagankuba agira. Ibiro vya perezida, White House vyashikirije ko Donald Trump ashobora kugendera ivyo bice vy’igihugu vyasinzikaye mu musi iri imbere, ariko mugihe umuzo wiwe ataco wohungabanya mu bikorwa vyo gutabara biriko birakorwa. Ivyo bihuhusi, hamwe n’imyuzure y’imvura vyarasambuye ico vyasanze mu nzira, ibihumbi vy’abantu ntibashobora gusubira mu ngo zabo gushika amazi akamye, ibishobora gufata imisi itari mike.

from Voice of America https://ift.tt/2OtTbF0
via IFTTT

No comments:

Post a Comment