Igice ca gatanu c’ibiganiro bihuza Abarundi vyari bitegekanijwe gutangura kuri uno wa kabiri igenekerezo rya cumi n'indwi vyungururijwe mu ntango z’ukwezi kw’icumi kw'itariki itaratangazwa. Umwe mu bategetsi mu biro bikuru vy’akarere ka Afurika y’ubuseruko Ijwi ry’Amerika rikesha aya makuru, yasiguye ko impari z'abotumirwa ari zo zitumye iryo sango ryegezwa imbere. Uwo mukozi atashimye ko amazina yiwe atangazwa asigura ko ubutegetsi bw’i Bujumbura bwarahiye bukarengwa ko budashobora kuza muri ivyo biganiro hamwe hotumirwa bamwe mu banyepolitike canke abaharanira agateka ka zina muntu bafise imitahe mpuzamakungu y’ubutungane yarungitswe n’Uburundi, bubagiriza kuba boba barashatse gutembagaza ubutegetsi. Ikindi gisa nk’ikiriko gitera impari nkuko isoko ry'Ijwi ry'Amerika muri EAC ribandanya rivyemeza, ni ikibanza ivyo biganiro vyoberamwo: Mu gihe vyari bitegekanijwe ko ibiganiro vya gatanu vyobera muri Tanzaniya, Abatavuga rumwe na Reta bari hanze y’igihugu bari basavye ko vyojanwa Entebe muri Uganda. Umwe muri abo batavuga rumwe na Reta yabwiye intumwa z'umuhuza mu mishikirano iheruka kubahuriza mu Bubirigi ati “Ni gute twoja kuganirira mu gihugu kiriko kirafata nabi impunzi zacu ? Umutekano wacu ntiwoba wubahirijwe”. Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru
from Voice of America https://ift.tt/2OyQXo1
via IFTTT
No comments:
Post a Comment