Umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yatangaje ejo kuwa kabiri ko ashobora gutanguza amatohoza ku birukanye ku nguvu ibihumbi amajana vy’abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Rohingya muri Myanmar bahungiye muri Bangladesh. Fatou Bensouda avuga ko ayo matohoza y’ibanze ashobora kwibanda ku kwangaza aba Rohingya, kubima uburenganzira bahabwa n'amategeko, ubwicanyi bwabakorewe, ukubafata ku nguvu, ukubanyuruza, hamwe no gusambura imitungo yabo. Igisirikare ca Myanmar cagirijwe kandi guhamagarira ibikorwa vy'ihonyabwoko ku nkehwa z’Aba Rohingya, guturira imitumba babamwo. Aba Rohingya barenga ibihumbi 700 nibo bavugwa kuba barahungiye mu gihugu kibanyi ca Bangladesh kuva mu kwezi kw’umunani umwaka uheze.
from Voice of America https://ift.tt/2NSi2Fo
via IFTTT
No comments:
Post a Comment