Umuntu umwe ni we yemezwa n’inzego za reta ko yaraye aguye mu gitero c’umurwi witwaje ibigwanisho cabaye ku biro bigenzura uruja n’uruza mu Gatumba k’urubibe rw’Uburundi na Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Imodoka 6 zari kuri ivyo biro zarahononekariye. Ibiro bicungera uruja n’uruza muri zone Gatumba k’urubibe rw’Uburundi na Republika iharanira demokarasi ya Kongo vyatewe igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Inzego za reta zivuga ko ico gitero camaze iminota hafi 20. Abanyagihugu bo muri zone Gatumba, mu micungararo yahabereye igitero, bavuga ko bumvise urwamo rwinshi rw’amasasu kandi umwanya utari muto. Inzengo z’igisoda, iz’igipolisi hamwe n’iz’ubutungane zazindukiye ahabereye igitero. Eka n’ubuserukizi bw’ibihugu bimwe bimwe mu Burundi nk’Ubufaransa n’Ububiligi bifuje kuhashika hamwe n’abo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ariko ku bw’umwanya munini barindiriye kugira baronke uruhusha, bahavuye bakata amodokari basubira inyuma batahashitse. Aho nyene bahagarikiwe nko ku bilometero 3 vyo ku rubibe, ahabereye igitero, ni ho n’abamenyeshamakuru bari bahagaze. Bemerewe kurengana igihe c’inyuma ya sa sita, haheze nk’amasaha atanu. Hagati aho imodokari z’igipolisi n’iza gisirikare ni zo zonyene zaguma zinyuragiranwa. Mu gipolisi basiguye ko bariko barakura mu nzira ivyahononekariye. Muri ivyo harimwo imodokari yo mu bwoko bwa Fuso yari ipakiye ibidandazwa hamwe n’izindi nto nto zari zihahagaze zishika 5 zamenaguritse ibiyo zongera zitobagurwa n’amasasu. Hari n’inyubakwa y’ibanki ya Bankobu yamenywe amadirisha n’amasasu. Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, Nyandwi Sylvestre, yavuze ko uwo murwi w’abantu bitwaje ibigwanisho bakeka ko wari uw'abasuma. Uyu mushikirizamanza mukuru avuga ko ikiziga twasanze ahabereye igitero ku butaka bw’Uburundi, carashwe n’abapolisi ba reta bariko barabasubiza inyuma. Uretse ico kiziga c’umuntu atashoboye kumenyekana kuko yaturiwe, hari n’umupolisi yahakomerekeye. Umushikirizamanza Nyandwi asaba reta ya Kongo ko bofashanya mu gutuza bene iyo mirwi. Mu ntango z’ukwezi kwa gatanu k’uyu mwaka, abantu bashika 26 baragandaguwe n’igitero c’abantu bataramenyekana ku mutumba wa Ruhagarika muri komine ya Buganda, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Abategetsi bavuze ko abakoze ico gitero cazananye muri Republica iharanira demokarasi ya Kongo bongera basubirayo.
from Voice of America https://ift.tt/2xfkj49
via IFTTT
No comments:
Post a Comment