Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International rivuga ko intambwe yafashwe na reta y’u Rwanda yo gukura mw’ibohero umuyeporitike atavugarumwe n’ubutegetsi Victoire Ingabire hamwe n’umuririmvyi Kizito Mihigo kw’itariki 15 z’ukwezi kw’icenda ari nziza kandi igana mu nzira nziza. Ivyo biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye ejo kuwa kabiri. Amnesty International ariko isaba reta y’u Rwanda gutera izindi ntambuko mu kwugurura urubuga rwa poritike mu gihugu no gutunganiriza abapfunzwe bose ku rugero rumwe ata kuraba nkunzi, harimwo no gufungura Diane Rwigara yigeze kuba yipfuza guharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ahitiye mur’ico gihugu. Mwomenya ko Victoire Ingabire, umukuru w’umugambwe FDU-Inkingi yari apfunzwe yagirizwa gukwiragiza ivyiyumviro vy’ihonyabwoko, kwigisha ivangura no guhamagarira abanyagihugu kugarariza ubutegetsi. Yagirijwe kandi ibikorwa vy’iterabwoba, gushinga umuhari witwaje ibirwanisho hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi bugamije kubangamira ubutegetsi hamwe n’amategeko y’igihugu. Umuririmvyi Kizito Mihigo yari yahagaritswe haheze indwi asohoye indirimbo aho asabira abahitanwe n’ihonyabwoko hamwe n’abandi bishwe mu bundi buryo. Yagiye kwagirizwa icaha co gushinga umurwi w’abicanyi no gushaka gukora ubwicanyi, abona gucirirwa umunyororo w’imyaka cumi.
from Voice of America https://ift.tt/2xkcvOs
via IFTTT
No comments:
Post a Comment