Ubushikirangaji bwo kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika buriko burihweza ingene bwokura abasirikare babwo nka bose muri Nijeri, no kwugara amakambi ari ku mugabane wa Afrika kurwanya iterabwoba. Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko ibirindiro biri muri Kameruni, Kenya, Libiya na Tuniziya navyo nyene bishobora kwugarwa mugihe umushikiranganji Jim Mattis ajejwe ubwo bushikiranganji yokwemeza uwo mugambi, ariko ngo igitigiri kinini kizoguma muri Nijeriya na Somaliya. Nkuko ikimenyeshamakuru The New York Times candikira muri Amerika kivuga, iyo ngingo iri mu mugambi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika wo gushira inguvu za gisirikare mu bice bibangamiwe cane kuruta ibindi n’iterabwoba. Bamwe mu bategetsi b’igisirikare ba Amerika bateye kubiri n’uyo mugambi wo kwugara amakambi muri Afrika, bavuga ko Ubushinwa n’Uburusiya bishobora guca bironka akaryo ko kwongereza abasirikare bavyo niyo Amerika yakurayo akarenge.
from Voice of America https://ift.tt/2NhQYPP
via IFTTT
No comments:
Post a Comment