Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwugara ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu muri ico gihugu. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ryemje ayo makuru rivuga ko riyakesha abakozi ba Reta na ONU. Umwe mu bakorera ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu atashimye ko amazina yiwe amenyekana yabwiye AFP ko ikete ribamenyesha iyo ngingo ryarungikiwe, Garry Conille, atunganya ibikorwa vya ONU mu Burundi kugira nawe aheze arirungikire ibiro bikuru biraba agateka ka zina muntu muri ONU bifise icicaro Genève mu Busuwisi. Uwo mukozi mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yemeje ko muri rusangi abakozi mva makungu bagera kuri cumi bategetswe guca bakura meza bagasubira iwabo mu gihe ibiro vyose vyahawe amezi abiri atarenga bikaba vyugawe. Iryo soko rya AFP muri ONU ryavuze ko bibabaje kubona Reta y’Uburundi ikomeje guhangana n’amakungu no gutakaza icizere cayo mu makungu gusumba. Ku bw’uwo mukozi wa ONU, hari ibimenyesto ntamusiga vyerekana ko Reta iriko irakumira ivyabona vyose vy’amabi akorerwa muri ico gihugu. Yavuze ko bibabaje kubona inyuma yo kwifatira mu gahanga umuryango w’akarere ka Afurika y’ubusreuko mu gusiba inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryangoubu naho batandukiriye ONU. Naho Reta y’Uburundi ataco iravuga kuri iyo ngingo, mu gatondo k’uno wa kane ubushikirnagi bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwasibije ikiganiro cari gitegekanijwe ku banyamakuru. Ntibiramenyekana nimba ivy’iyo ngingo vyari mu bivugirwa muri iyo nama. Reta y’Uburundi yari yahagaritse gukorana n’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu 2016 ivyagiriza gukorana n’bayigwanya mu kwandika ivyegeranyo vyagiriza Uburundi guhonyanga agateka ka zina muntu “vyuzuye ibinyoma”.
from Voice of America https://ift.tt/2G4nzWK
via IFTTT
No comments:
Post a Comment