Abasirikare babiri ba Somaliya b’intwazangabo hamwe n’abandi batari bake barapfuye kuwa kane bahitanwe na bombe yari yatezwe mw’ibarabara, yaturikije imodoka barimwo mu bumanuko bwa Mogadishu. Abategetsi hamwe n’abavyiboneye bavuga ko abo basirikare bari mu miduga ya gisirikare hafi y’imihana y’i Dhanaane, mw’ibarabara rifatanya umurwa mukuru wa Somaliya hamwe n’ikivuko ca Marka, igihe imodoka barimwo yaturika. Umuhari w’iterabwoba wa al-shabab ntiwatevye kwiyitirira ico gitero mw’itangazo wasohoreye kw’iradiyo yawo, Andalus. Abategetsi ba reta ntibatanze igitigiri nyezina c’abasirikare bishwe, ariko ababibonye bemeza ko babonye ibiziga vy’abambaye imyambaro ya gisirikare batandatu. Abategetsi bavuga ko abo basirikare b’aba Jenerali bari batahutse i Mogadishu bavuye mu rugendo kw’ikambi ya gisirikare hafi ya Dhanaane. Urupfu rwabo rubaye haheze imisi ibiri abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bishe abarwanyi bane ba al-Shabab mu gitero c’indege bakoze mu micungararo ya Awdheegle, igisagara co mu ntara ya Lower Shabelle, nkuko igisirikare ca Somaliya kivuga.
from Voice of America https://ift.tt/2PoZ9GG
via IFTTT
No comments:
Post a Comment