Somaliya: Abashingamateka Bahagaritse Gukurikirana Perezida

Inyuma y’indwi zitari nke abashingamateka ba Somaliya baharira kandi baganira, bahagaritse utwigoro twabo two gukura perezida Mohamed Abdullahi Farmajo ku butegetsi. Abari ku ruhande rwa perezida n’abamushigikiye ejo kuwa kane baremeranije gusinya urwandiko ruhagarika ko umugambi barimwo wo gukurako perezida icizere. Farmajo yari yagirijwe guca kubiri n’ibwirizwa shingiro mu gusinya ico abatavugarumwe nawe bise amasezerano y’ubucuruzi yo mw’ibanga n’ibihugu vya Etiyopiya na Eritreya, yagirizwa kandi kugena abacamanza bakuru n’abategetsi mu gisirikare ata n’umwe agishije inama.

from Voice of America http://bit.ly/2EGi5jq
via IFTTT

No comments:

Post a Comment