Ikiziga ca Georges H. W. Bush Cashikanwe muri Texas

Umuhango wo kwibuka Georges Herbert Walker Bush yitavye Imana ku musi wa gatanu afise imyaka 94 y’amavuko warahuje abaperezida batanu ba Reta zunze ubumwe z’Amerika ejo kuwa gatatu mu nkuka y’imisi yo kwibuka uwabo yabereye muri katedrale i Washington. Bamwe mu bategetsi b’abanyamahanga bari baje kwifatanya n’Abanyamerika mur’uyo muhango ni umuhungu w’umwami w’Ubwongereza Charles, Umwami wa Yorodaniya Abdullah II n’umwamikazi Rania, Shanseliye w’Ubwongereza Angela Merkel, Perezida wa Pologne Andrzej Duda. Abandi ni abahoze ari abakuru b’ibihugu vya Estonia, Mexique na Portugal, ndetse n’abahoze ari abashikiranganji ba mbere b’Ubwongereza, Canada, Ubuyapani na Koweit. Ikiziga ciwe caciye kijanwa mu gisagara ca Houston, ahabera iyindi misa kuri uyu wa kane. Mu nyuma ace ashingurwa ahari librairie imwitirirwa, hambavu y’imva y’umutambukanye wiwe, Barbara, yitavye Imana mu ntango z’uyu mwaka, n’umukobwa wabo, Robin, yishwe na kanseri yo mu maraso akiri umwana.  

from Voice of America https://ift.tt/2zJy8Jl
via IFTTT

No comments:

Post a Comment