Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, ashikiriza ko perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika aheruka kwemerera mugenzi we wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan, ko Amerika iriko irihweza irungikwa muri Turukiya ry’umunyedini w’umuyisilamu yagirizwa kuba yaragerageje gutembagaza ubutegetsi muri 2016. Umushikiranganji Mevlut Cavusoglu, yabwiye televiziyo CNBC yo muri Amerika ko mu mubonano Trump na Erdogan bagiranye mu nama ya G20 iheruka kubera muri Argentina, umutegetsi w’Amerika yavuze ko Amerika yatanguye intambwe zo kurungika Fethullah Gulen hamwe n’abandi bantu muri Turukiya. Umutama Gulen w’imyaka 77, yigeze kuba acuditse na Erdogan, aba mur'iki gihe muri reta ya Pennsylvania mu buraruko bushira ubuseruko bw'Amerika imyaka yababa 20, ariko Washington yaranse gukurikiza ivyasabwe na Erdogan ko arungikwa mu gihugu ciwe gukurikiranwa n’ubutungane ku vyaha yagirizwa.
from Voice of America https://ift.tt/2PHSFCY
via IFTTT
No comments:
Post a Comment