Reta zunze ubumwe z’Amerika zimenyesha ko zitewe impungenge n’iyugarwa ry’ibiro vya ONU bijejwe agateka kazina muntu mu Burundi, na cane cane mu gihe Amerika ivuga ko hacibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka muntu n’iyugarwa ry’urubuga rwa politike. Ibi vyashikirijwe ejo ku wa kabiri mu butumwa bwa Twitter na Tibor Nagy, umufasha w’umunyamabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika mu gisata kijejwe Afrika. Arangiza avuga ko gukorana n’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu kari akaryo keza ko gufasha Uburundi kwerekana ko ata guhungabanya agateka ka muntu bikiri muri ico gihugu. Mwomenya ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwugara burundu ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu muri ico gihugu mu ntango z’uku kwezi kw’icumi na kabiri, ariko kuva mu kwezi kwa cumi 2016 reta yari yahagaritse gukorana n’ivyo biro ivyagiriza gukorana n’abayigwanya mu kwandika ivyegeranyo vyagiriza Uburundi guhonyanga agateka ka zina muntu “vyuzuye ibinyoma”.
from Voice of America https://ift.tt/2rJ9zaV
via IFTTT
No comments:
Post a Comment