Ubushinwa Buregwa Guhungabanya Demokarasi muri Amerika

Reta zunze ubumwe z’Amerika zagiriza Ubushinwa kugerageza kwivanga muri demokarasi y’Amerika. Mike Pence, icegera c’umukuru w’igihugu yabishikirije ejo kuwa kane ko Ubushinwa bwipfuza uwundi mukuru w’igihugu muri Amerika. Yisunze raporo zatanzwe n’ibigo bishinzwe iperereza, Pence yavuze ko Ubushinwa buriko burakora ibintu bidasanzwe kandi bikomeye vyo kuyovya abanyagihugu b’Amerika, ku matora yo mu kwezi kuza n’ayo mu 2020. Ubushinwa kandi ngo bwipfuza gucanishamwo abategetsi muri Amerika ku nzego z’ama reta no ku rwego rw’igihugu kugira ntibavuge rumwe. Kuva Trump afashe ubutegetsi mu ntango z’umwaka uheze, reta yiwe imaze kwongereza amatagisi arenga imiriyaridi 250 z’amadolari ku bidandazwa biva mu Bushinwa vyinjira muri Amerika. Mu matohoza amaze gukorwa, Pence avuka ko 80 kw’ijana vy’amakomine muri Amerika Ubushinwa buriko buragerageza guhungabanya yatoye Perezida Trump muri 2016; ubu naho Ubushinwa bwipfuza guhindura ivyiyumviro vy’abazotora.

from Voice of America https://ift.tt/2pAvAHZ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment