Amerika Yoba Igiye Gukura Abasirikare muri Afuganistani?

Umusirikare umwe wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yarishwe muri Afghanistani ejo kuwa kane bariko baratana mu mitwe n’abarwanyi b’abatalibani mu bumanuko bw’ico gihugu, nkuko amakuru Ijwi ry’Amerika ryakuye mu bategetsi b’igisirikare abivuga. Abategetsi mu gisirikare c’Amerika bavuga ko amakuru aramvuye kuri urwo rupfu azotangwa umuryango w'uwo musirikare umaze kubimenyeshwa. Aya makuru yashikirijwe mu gihe Abatalibani bari bamaze gutangaza ko abarwanyi babo bateze bombe ku kiduga ca gisirikare muri distrike ya Garmsir mu ntara ya Helmand. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Amerika bwashikirije ko Amerika ifise abasirikare bashika ku bihumbi 14 muri Afghanistani. Urupfu rwo kuwa kane rwashikanye abasirikare 7 Amerika imaze gutakaza ku rubuga rw’intambara muri Afughanistani uyu mwaka.

from Voice of America https://ift.tt/2IG65NU
via IFTTT

No comments:

Post a Comment