Inama ya ONU Ijejwe Umutekano muri RDC Imbere y'Amatora

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi igiye kugira urugendo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo muri iyi ndwi. Urugendo ruje imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kabiri, kandi mu gihe icuka hagati ya reta na ONU kitifashe neza kandi havugwa ko ayo matora ashobora kubamwo imidugararo n'ubwicanyi. ONU yipfuza amatora aba mu mwidegemvyo, ataho ahengamiye kandi mu mahoro, Ivyo vyashikirijwe ejo kuwa gatatu na ambasaderi w’Ubudagi muri ONU, Karel Van Oosterom, kandi azoba ari muri izo ntumwa. Urwo rugendo rutegekanwa gutangura kuri uyu wa kane rukazorangira kuwa mbere kandi bazoguma ku murwa mukuru Kinshasa. Izo ntumwa z’inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano zipfuza kubonana na Perezida Joseph Kabila, umushikiranganji wiwe wa mbere, umurwi ujejwe amatora hamwe n’aberwa n’ibibera mur’ico gihugu. Aya makuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

from Voice of America https://ift.tt/2Pawnua
via IFTTT

No comments:

Post a Comment