Cholera Imaze Guhitana 49 muri Zimbabwe

Igihugu ca Zimbabwe catanguje isekeza rikomeye ry’ugucandaga abanyagihugu. Ni mu gihe ico gihugu kiriko kirwanya indwara ya cholera  yiyadukije yahitanye abantu 49.  Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Obadiah Moyo avugako isekeza ry’ugucandaga, babifashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, rigenewe abantu barenga ibihumbi 500 hagati y’uno musi ku wa gatatu no ku musi w’Imana.  Moyo avuga ko abantu bagera ku muliyoni bazocandagwa kuva mu ndwi iza.  Reta ya Zimbabwe ivuga ko ukwiyadukiza kwa kolera kwatumye abantu barenga 9000 bandura iyo ndwara, benshi muribo ku murwa mukuru, Harare, kuva mu kwezi kw’icenda.  Abantu bafise ubwoba ko ibintu bishobora gusubira kuba nko mu mwaka w’i 2008 igihe kolera yahitana abantu barenga 4000.  Imiringo ijejwe gutwara amazi n’imicafu yarasenyutse, mu bituma amazi y’imicafu atembera mu mabarabara yo ku murwa mukuru, Harare.  Prezida aherutse gutorwa muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yiyemeje ku vyerekeye urugamba rw’ukurwanya kolera.

from Voice of America https://ift.tt/2P91t5k
via IFTTT

No comments:

Post a Comment