Uyu musi ku wa gatatu n’umusi ugira uwa 14 w’inkino zo mu ntango z’igikombe c’isi yose kibandanya kubera mu gihugu c’Uburusiya. Mu nkino z’uno musi, mu murwi H, Colombiya yatsize Senegal igitsindo ku busa mu gihe Polonye yatsinze Ubuyapani igitsindo kimwe ku busa. Colombiya niyo yarangije iri hejuru mu murwi H n’amanuta 6. Ubuyapani bwarangije mu kibanza ca kabiri muri uwo murwi. Senegal n’Ubuyapani vyarangije bifise amanuta angana, n’ukuvuga ane, n’ibitsindo vyinjijwe bingana. Ubuyapani bwunguruje bifatiye ku makarata iyo mirwi yahawe. Ubuyapani bwahawe amakarata 3 mu gihe Senegal yahawe amakarata 5. Mu zindi nkino zizakuba mu kanya, mu murwi G, Ubwongereza buza gukina n’Ububiligi mu gihe Panama iza gukina na Tuniziya. Gushika ubu ibihugu bimaze kwunguruza mu ncuro ikwirikira ni:Uruguay, Uburusiya, Brezil, Ubuswise, Ubufransa, Croatia, Ubwongereza, Ububiligi, Danemark, Argentine, Mexique, Ubusweda, Portugal na Espagne. Ibihugu bimaze gusezera ni Misiri, Arabiya Saudite, Maroc, Peru, Costa Rica, Panama, Tuniziya, Polonye, Koreya y’epfo, Ubudagi, Irani, Australiya, Nijeriya, Islande na Serbiya na Senegal.
from Voice of America https://ift.tt/2ySdk45
via IFTTT
No comments:
Post a Comment