Abategetsi ba Afghanistani bashikiriza ko abantu bashika 50 bishwe abandi 83 barakomereka mu gitero c’umwiyahuzi cabereye mw’ikoraniro ry’abanyedini ku murwa mukuru, Kabul. Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Najib Danish yavuze ko uwo mwiyahuzi yiturikijeko igisasu aho abanyagihugu bariko bahimbaza umwaka w’amavuko y’intumwa Mohammad. Umutegetsi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, Wahedullah Majroh yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abantu bashika kuri 24 batwawe mu bitaro baremvye cane. Perezida Ashraf Ghani yaraneguye ico gitero, aca ategeka ko kuri uyu wa gatatu uba umusi igihugu kigandarira abapfuye, avuga ko ibendera rimanurwa gushika hagati muri Afughanistani no ku ma ambasade yaco mu makungu. Ababonye ivyabaye bawiye ibimenyeshamakuru ko iyo nyubakwa yagabwemwo ico gitero yarimwo abantu baharurwa mu gihumbi, barimwo abategetsi b’idini. Nta muhari n’umwe uremera ko ari wo wagikoze.
from Voice of America https://ift.tt/2qW4SKj
via IFTTT
No comments:
Post a Comment