Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Rex Tillerson mur’iyi ndwi ategekanya kugendera umugabane w’Afrika. Kazoba ari akaryo Amerika izoba ironse ko kwerekana uruhara rwayo mu gushigikira uwo mugabane no kugaragaza ubucuti n’imigenderanire, nk'uko bishikirizwa n’abategetsi b’Amerika. Umutegetsi mur’ubwo bushikiranganji bw’imigenderanire yatangaje ku musi wa gatanu ko urwo rugendo rutazoba rutumbereye gutsimbataza imigenderanire muvy’ubutunzi hamwe n’iterambere mu rudandazwa gusa, ariko ruzoba rugamije kwubaka inzego zikomeye, intwaro ibereye, umutekano hamwe n’agateka ka zina muntu. Mur’urwo rugendo azorugira kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika 13 z’uku kwezi kwa gatatu, Tillerson azobonana n’abakuru b’ibihugu vya Chad, Djibouti, Etiyopiya, Kenya na Nijeriya.
from Voice of America http://ift.tt/2H0eqtV
via IFTTT
No comments:
Post a Comment