Kameruni: Abavuga Icongereza Bahawe Ibibanza muri Reta

Philémon Yang, aturuka mu gice ca Kameruni gikoresha icongereza, niwe yagenywe na Perezida Paul Biya, nk’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu. Paul Atanga Nji, nawe agenwa  mu mwanya w’umushikiranganji  w’intwaro yo hagati mu gihugu. Urwandiko rwagenye Atanga Nji, rutomora ko muvyo azoba ajejwe harimwo “ ugukurikiranira hagufi  ukwigenga kw’igihugu n’ivyo vyose vyerekeye amatora. Atanga Nji ari mu bambere bavuze ko abakoresha ururimi rw’icongereza badaserukiwe bihagije mu nzego. Iyindi myanya ikomakomeye Perezida Biya yahaye abakoresha ururimi r’icongereza, ni umwanya w’icegera c’umunyamabanga mukuru wa Reta, ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, n’ubushikiranganji buraba ivy’inyigisho mu mashure yisumbuye. Ubushikiranganji buraba ivy’amashure yisumbuye buri mu bwa mbere  Reta iha amafaranga menshi yo gukoresha. Haraheze imyaka,  hari ukutunvikana hagati y’abakoresha ururimi rw’icongereza n’igifaransa. Abakoresha icongereza basaba kwigenga.

from Voice of America http://ift.tt/2FcNnef
via IFTTT

No comments:

Post a Comment