Umuhanuzi muvy'Ubutunzi wa Trump yatanze Imihoho

Umuhanuzi mukuru wa Perezida Donald Trump muvy’ubutunzi, Gary Cohn, yatanze imihoho kur’uyu wa kabiri. Iyi ngingo ayifashe inyuma y’aho bigaragariye ko ateye kubiri n’ingingo yo Trump yo gutoza amatagisi ku vyuma vya Acier na aluminium vyinjira mu gihugu. Mw’itangazo yashikirije, Gary Cohn yavuze ko kabaye agateka kubona yarakoreye igihugu ciwe kandi agafasha mu gushiraho politike ifasha mw’iterambere ry’ubutunzi, vyagiriye akamaro Abanyamerika na cane cane itegeko ryerekaye amatagisi riheruka kwemezwa. Yiyongereye ku bandi benshi bahoze begereye Trump batanze imihoho mu mabanga mu biro vy’umukuru w’igihugu mu mezi aheze. Perezida Trump mu ndwi iheze yatangaje ko yipfuza kurihisha amatagisi ku bice 25% ku vyuma vya Acier na 10% kuri Aliminium vyinjira muri Amerika, ingingo yatumye ibihugu bifitaniye imigenderanire muvy’ubutunzi na Amerika birakara.

from Voice of America http://ift.tt/2tkB0eN
via IFTTT

No comments:

Post a Comment