Uganda: Abategetsi 2 mu Rwego rw'Umutekano Babogojwe

Perezida wa Uganda Yoweri Museveni yakuye mu mabanga umukuru w’igiporisi, Kale Kayihura, hamwe n’umushikiranganji w’umutekano mu gihugu, Henry Tumukunde. Ni mw'itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kur’uyu w’Imana. Kale Kayihura ahowe ko ubugizi bwa nabi bwiyongereye cane mur’ico gihugu, cane cane ku murwa mukuru Kampala, hamwe n’ibiturire vyabaye ndanse mu giporisi. Yasubiriwe n’umugenduzi mukuru w’igiporisi Okoth Ochola. Umushikiranganji w’umutekano, Henry Tumukunde, yaranebaguwe n’uko igiporisi kidakora neza kandi ntiyahuza n’umukuru w’igiporisi Kale Kayihura, nkuko iryo tangazo rya Perezida ribandanya. Nawe asubiriwe na jenerali Elly Tumwiine. Abo bategetsi babiri babogojwe barafatanije na Museveni mu rugamba rwo kwigarurira igihugu, rwashikanye Yoweli Museveni ku butegetsi mu mwaka w’1986.  

from Voice of America http://ift.tt/2FcUvaM
via IFTTT

No comments:

Post a Comment