Ubutariyano mu Matora

Inyuma y’imyiyamamazo yavuzwemwo cane ibibazo vy’abimukira n’ubutunzi, Abatariyano kuri uno wa Mungu biriwe mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka. Imigambwe ikomakomeye iriko irahiganwa ni uwuri ku ubutgetsi Democratic Party, uwitwa Five Star Mouvement, n’urunani ruramutswa uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano Silvio Berlusconi. Silvio Berlusconi, yavuze ko ari nkahamwe urunani rwiwe rwotsinda,rwoca rushira imbere umukuru w’inama nshingamateka ya Buraya Antonio Tajarani, kugira ahiganirwe intebe y’umukuru w’igihugu. Abariko bakurikiranira hagufi ayo matora, bavuga ko bikigoye kumenya umugambwe uza kuza imbere mu biharuro. Bitegekanijwe ko ibitigiri vy’infatakibanza bimenyekana mu masaha yiteye imbere kuri uno wa Mungu.  

from Voice of America http://ift.tt/2FcqxHO
via IFTTT

No comments:

Post a Comment