Nijeri: Itohozwa kw’Igandagurwa ry’Abasirikare Bane ba Amerika

Itohozwa ryakozwe n’igisirikare ca Amerika ku vyerekeye abasirikare b’Abanyamerika bane biciwe mu gihugu ca Nijeri, ryasanze abo basirikare batari baronse uburenganzira buciye mu nzira nyayo. Ni bwo bahawe n’abakuriye, igihe bafata umugambi wo kuja kurondera no gufata umukuru w’umurwi w’intagondwa za Kiyisilamu. Aya ni amakuru ashikirizwa n’abategetsi ba gisirikare. Amakuru yari yatangajwe yavuga ko abo basirikare, bari bagiye kubonana n’abategetsi barongoye umutumba mu gihugu ca Nijeri mu kwezi kw’icumi. Yamara ico gihe baciye bahindurirwa umugambi, maze bajanwa mu gikorwa co guhiga  Doundou Chefou, umukuru w’umurwi w’intagondwa z’abayiyslamu yagize uruhara mu kunyuruza umunyamerika yakorera ishirahamwe rijejwe kwitaho imbabare. Abategesi bavuga ko abo basirikare baciye bajanwa mu gikorwa co guhiga Chefou, batarinze guhanuza abasirikare b’intwazangabo babarongoye. Ivyo vyaratumye abo basirikare batamenya urugero rw’amabi yashobora kuba muri ico gikorwa. Abasirikare b’Abanyamerika bane hamwe n’abasirikare ba Nijeri bane, biciwe muri ico gikorwa kw’igenekerezo rya 4 ry’ukwezi kw’icumi mu mwaka uheze.  

from Voice of America http://ift.tt/2D4gfn9
via IFTTT

No comments:

Post a Comment