Uwahoze ari umukuru w’igihugu muri Madagascar, Andry Rajoelina agiye kugaruka ku butegetsi inyuma yo gutsinda mu gice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu, nkuko ibiharuro vyashikirijwe ejo kuwa kane vyavyerekanye. Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri iryo zinga vyatangaje ejo kuwa kane ko Rajoelina yatsinze Marc Ravalomanana, nawe yahoze ari umukuru w’igihugu mu matora yabaye kw’itariki 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri. Ibiharuro vy’imfatakibanza vyerekana ko Rajoelina yatsinze ku majwi 55 kw’ijana, mu gihe uwo bahiganwa yatahukanye 44 kw’ijana. Ravalomanana yashikirije ko ayo matora yabayemwo ubusuma burenze urugero.
from Voice of America http://bit.ly/2Q3z8x6
via IFTTT
No comments:
Post a Comment