HCR: Abasaba Ubuhungiro Baremerewe Kwinjira muri Amerika

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR cashikirije ko ubutungane bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika ataco buriko burafasha ku kibazo c'abimukira bava muri Amerika yo hagati berekeza muri Amerika. Kubwa HCR, abantu bahunga ubwicanyi no gutotezwa mu bihugu vyabo barafise uburengenzira bwo gukingirwa n’amakungu. HCR ivuga ko kureka abimukira ibihumbi bava muri Honduras bagashika ku rubibe rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bitazoba vyoroshe. Ariko umuvugizi wa HCR, Charlie Yaxlie avuga ko kwugara urubibe atari inyishu kandi bizobangamira kurusha abahunga ubwicanyi mu bihugu vyabo. Yaxlie avuga kandi ko HCR ibandanya ikorana na Reta zunze ubumwe z’Amerika kugira babona ko vy’ukuri ivyo ico gihugu gikora vyisunga amategeko mpuzamakungu.

from Voice of America https://ift.tt/2PMZpAm
via IFTTT

No comments:

Post a Comment