Arabiya Sawudite: Kwica Khashoggi Ryabaye "Ikosha Rikomeye Cane"

Igihugu ca Arabiya Sawudite kimenyesha ko cakoze ikosha rinini kandi rikomeye mu kwica umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi mu nyubakwa ya Konsila y’ico gihugu iri i Istanbul ku murwa mukuru wa Turukiya kandi cemeza ko ababikozi bazovyishura. Mu kiganiro yahaye televiziyo Fox News yo muri Amerika, Umushikiranganji wa Arabiya Sawudite ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Adel al-Jubeir yatangaje ejo kuw’Imana ko abakozi b’ico gihugu bamwishe uwubarongoye atabizi kandi ko ari igikorwa c’ubunyamaswa. Uwo mushikiranganji yarahojeje umuryango wa Khashoggi, ariko nta makuru y’ingene yishwe, n’aho ikiziga ciwe kiri canke nimba umuhungu w’umwami Mohammed bin Salman, yarabigizemwo uruhara.

from Voice of America https://ift.tt/2CVTSER
via IFTTT

No comments:

Post a Comment