Abategetsi mu gihugu ca Nijeriya bavuga kw’abantu bwitwaje ibirwanisho bishe abantu 15, mu gitero bagize mu masaha yo mu gitondo kw’isengero y’abakatolika, harimwo abapadiri babiri. Ico gitero cabereye ahitwa Ayar-Mbalom mu ntara ya Benue. Terver Akase, umufasha mu bijanye n’itangazamakuru wa bulamatari w’intara ya Benue, avuga ko abagize igitero c’uno musi ku wa gatanu baturiye kandi inzu 50. Prezida w’igihugu ca Nijeriya, Muhammadu Buhari, yavuze kw’ico gitero cagizwe ku nyubakwa abantu basengeramwo kigayitse cane. Atangaza ko ari akigoro k’ugukokeza intambara ifatiye ku madini. Intara ya Benue iri hagati mu gihugu ca Nijeriya. Iyo ntara yarageramiwe n’ibitero bitari bike mu ndwi nkeyi zirangiye. Vyinshi muri ivyo bitero bifatiye ku matati amaze igihe kirekire hagati y’abarimyi n’aborozi. Mu misi mikeyi irangiye, abantu 10 barishwe bikekwa ko ari aborozi muri iyo ntara.
from Voice of America https://ift.tt/2JlJnKf
via IFTTT
No comments:
Post a Comment