SOMALIA: Amerika Yemeje Iyicwa rya Ali Mohamed Hussein

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe kwivuna abansi yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’umukuru w’umurwi w’abarwanyi Al- Shabab ku murwa mukuru w’igihugu ca Somalia Mogadishu yashwe n’igisasu carashwe n’indege ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.  Ali Mohamed Hussein azwi kandi ku ritazirano Ali Jabal, yar’azwi cane kubera yari yarategetse abagwizatungo bose bo mu gisagara ca Mogdishu guha intererano abagwanyi bo mur’uyo murwi.  Itangazo ryashikirijwe n’ibiro bikuru vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ntara ya Afrika kur’ico gitero, rivuga kw’ico gitero c’indege cakozwe ku musi wa gatandatu ku mugoroba, mu masaha yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Iryo tangazo rivuga kw’ata musivile yaguye mur’ico gitero.  Umushikiranganji w’igihugu ca Somalia ajejwe gutangaza amakuru, Abdurahaman Omar Osman, yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika ko Prezida w’igihugu ca Somalia, Mohamed Abdullah Mohamed yahaye uburenganzira ibihugu vyo mu mahanga bicuditse n’igihugu ca Somalia bwo gukora ico gitero kw’igenekerezo rya 30 ry’ukwzi kw’indwi, arinaho umukuru w’umurwi Al-Shabab yagirizwa ibitero vy’amabombe vyahitanye ubuzima bw’abantu batari bake ku murwa mukuru Mogadisho, yicwa.  Uyo mugabo yiciwe mu gisagara ca Tortoroow, gicumbitswemwo n’umuhari Al-Shabab, mu ntara ya Shabelle, iri mu bumanuko bw’igihugu ca Somalia.  President Donal Trump mu ntango z’iyi ndwi, niho yatanga uburenganzira bwo gukora ibitero ku murwi Al-Shaba, birimwo ibitero vy’indege bikokorwa mu bice bitandukanye vyo mu bumanuko bw’igihugu ca Somalia.

from Voice of America http://ift.tt/2f4W8iv
via IFTTT

No comments:

Post a Comment