Mozambike: Umwavu Wishe Abashika 17 i Maputo

Umusozi munini w’umwavu ku murwa mukuru wa Mozambike wasenyutse kur'uyu wa mbere ubomora amazu atari make, abantu bashika 17 barahasiga ubuzima. Imvura nyinshi irenze urugero ni yo yatumye uwo musozi w’umwavu urwa muri karatiye ikenye y’i Maputo. Abategetsi bavuga ko ibindi biziga bishobora kuba vyahambwe n’uwo mwavu kandi ko ibikorwa vyo gutabara bikibandanya. Umwe mu baba mur’ako gace, Mario Castigo, yabwiye Ijwi ry’Amerika, serevice y’igiportugeze ko amazu ashika ku ndwi yasambuwe n’uyo mwavu.

from Voice of America http://ift.tt/2ojCEaT
via IFTTT

No comments:

Post a Comment