Morgan Tsvangirai Yarashinguranwe Iteka

Uwahoze ari mukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Zimbabwe, Morgan Tsvangirai, yarashinguwe kur’uyu wa kabiri aho avuka i Buhera, mu buseruko bw'ico gihugu, amaziko yitabwe n’abanywanyi biwe baharurwa mu bihumbi, abadiplomate hamwe n’abanyapolitike. Morgan Tsvangirai yitavye Imana mu ndwi iheze ahitanwe n’indwara ya kanseri afise imyaka 65 y’amavuko, asize umugambwe usa n’uwuriko uracanamwo barwanira ikibanza co kumusubirira ku burongozi bwawo. Naho hari imvura nyinshi, abanywanyi b’umugambwe MDC baharurwa mu bihumbi bari bishikiye i Buhera, ku birometero 200 mu bumanuko bw’umurwa mukuru Harare, kugira basezere ubwa nyuma Morgan Tsvangirai. Abandi bar'aho ni icegera c’umukuru w’igihugu, Oppah Muchinguri, yaserukiye umugambwe uri ku butegetsi, Zanu-PF; abaserukira ibihugu vyabo b’Abanyamulaya na Reta zunze ubumwe z’Amerika, hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu karere, barimwo Raila Odinga aharanira ubutegetsi muri Kenya.  

from Voice of America http://ift.tt/2FhxmVi
via IFTTT

No comments:

Post a Comment