Congo: Abakozi Babiri Bakorera Ishirahamwe ry'Abafaransa Barishwe

Abategetsi bo muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo batangaje kw’abakozi babiri b’ishirahamwe ry’abafaransa ryitaho imbabare, bishwe n’abantu bitwaje ibigwanisho mu gisagara kiri mu buseruko bw’igihgu, mu gihe uwundi mukozi agira gatatu, yagizwe imbohe. Iryo shirahame ryitwa “ Hydraulique Sans Frontières​” ejo ku musi wa mbere, ryaratangaje kw’abo bakozi bose ari Abanyecongo. Ico gitero cabereye mu gisagara citwa Mushikiri, mu ntara ya Kivu ya ruguru. Naho ata murwi waciye utangaza kw’ariwo wakoze ico gitero, umurwi w’aba Mai Mai, wama wakoze ibitero mur’iyo ntara. Iryo shirahamwe rivuga ko ritewe amakenga n’umutekano muke urangwa mu ntara ya Kivu ya ruguru. Rivuga kandi kw’uyo mutekano muke, utaryorohereza mu gikorwa caryo co gufasha abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bo mur’iyo ntara.    

from Voice of America http://ift.tt/2olnvpw
via IFTTT

No comments:

Post a Comment