Abanyeshure Baranegura Amategeko Ashigikira Inkoho

Abanyeshure biga kw’ishure ryo muri reta ya Florida muri Amerika barahiye ko batazoguma mu gacere ku bijanye n’ikibazo c’abantu babandanya kwicwa hakoreshejwe inkoho. Kuri ryo shure, ni ho abana 17 bishwe barashwe kw’itariki 14 z’uku kwezi kwa kabiri, Umwe muri abo banyeshure ni Emma Gonzalez. Uwo munyeshure yafashe iya mbere mu kunegura amategeko ya reta ya Amerika yerekeye uburenganzira abantu bahabwa bwo gutunga inkoho. Uwo mwigeme yiyamirije abanyepolitike harimwo na Prezida Donlad Trump, yakiriye intererano yahawe n’ishirahamwe rishigikira uburenganzira bwo gutunga inkoho, The National Rifle Association. Trump yakiriye mu gihe yariko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu.  Ku bwa Prezida Trump, yagiriza ibiro bijejwe iperereza bitafashe nka nkama amakuru bari bafise ku munyeshure yarashe bagenzi be, yari gushobora gufasha mu gukinga igitero cagizwe kw'ishure rya Parkland. 

from Voice of America http://ift.tt/2C92Ez1
via IFTTT

No comments:

Post a Comment