Abantu 700 Baratorotse Boko Haram muri Nijeriya

Igisirikare ca Nijeriya kivuga ko abantu barenga 700 bari baragizwe imbohe n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram bashoboye gutoroka mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Umuvugizi w’igisirikare ca Nijeriya, Colonel Timothy Antigha, yavuze ko abo bantu batorotse bakiriwe mu kigo ca gisirikare kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Monguno, muri reta ya Borno. Antigha ariko ntavuga igihe batorokeye canke ko boba bakiri mu minwe ya gisirikare. Nta matohoza yigenga arashobora kwemeza ayo makuru atangazwa n’igisirikare. Umuvugizi wa gisirikare ca Nijeriya avuga kandi ko abo bari baragizwe imbohe barimwo abagabo, abagore n’abana kandi bakoreshwa ibikorwa vyo mu mirima na Boko haram ku nkengera z’ikiyaga Chad. Avuga ko igisirikare kiriko kirasuzuma neza ko ata murwanyi wa Boko haram yoba abinyegejemwo.

from Voice of America http://ift.tt/2DLHgwu
via IFTTT

No comments:

Post a Comment