Uganda Yashinje Iterabwoba Abanyarwanda 45

Igihugu ca Uganda cagirije abanyarwanda mirongo ine na batanu icaha c’iterabwoba. Ivyo n’inyuma yuko bahagaritswe ku rubibe n’igihugu ca Tanzaniya mu ntango z’uku kwezi. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’igipolisi, Emilian Kayima, uno musi ku wa gatanu. Amenyesha ko bahagaritse abo banyarwanda 45 bikekwa iterabwoba ku rubibe n’igihugu ca Tanzaniya, kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icumi na kabiri uyu mwaka.  Bose bagirijwe ko bari bitwaje ibipapuro vy’amagendo n’icaha c’iterabwoba.  Bapfungiwe mur’iki gihe mw’ibohero rya Nalufenya, mu buseruko bw’umurwa mukuru Kampala. Iryo bohero rikoreshwa kenshi mu gupfunga abagirizwa iterabwoba canke bagize uruhara mu mirwi irwanya ubutegetsi.  Abo bayanyarwanda uko ari 45 bikekwa baba muri Uganda. Batangaje ko bari bagiye mu gihugu ca Tanzaniya nk’abashikirizabutumwa.  Yamara Reta y’u Rwanda ivuga ko ari abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na Reta uri hanze y’igihugu, Rwanda National Congress, mu mpfunyapfunyo, RNC.  Umugambwe RNC, uyobowe n’abantu bahoze bakorana na Perezida w’u Rwanda Paul Kagame, ubonwa na Reta y’i Kigali nk’umurwi w’iterabwoba.

from Voice of America http://ift.tt/2zMi72r
via IFTTT

No comments:

Post a Comment