Abantu Batanu Barishwe i Kayiro mu Misiri

Umuntu yitwaje ikirwanisho yarashe ku bantu bari hanze y’isengero mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Kayiro. Yishe abantu bane akomeretsa abandi batanu. Umwe mu bapfuye ni umupolisi.  Abategetsi b’igihugu ca Misiri bavuga ko uwagize ico gitero yishwe mu kurasana kwabaye, uno musi ku wa gatanu, kw’isengero, Mary Mina Church, y’abakristu b’abakopte. Aho ni mu gice c’umurwa mukuru citwa Helwan.  Batangaza ko bariko bararondera umuntu ashobora kuba agira kabiri mu bagize igitero.  Ntawiyitiriye buno nyene ico gitero. Yamara Reta ya Kiyisilamu yarishe abakristu batari bake mu bitero uwo murwi wagize ku masengero.  Abantu mirongo ibiri n’bumunani barishwe mu kwezi kwa gatanu mur’uyu mwaka. Ico gihe abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu barashe ku muduga wa bisi yari itwaye abakristu b’abakopte. Bari bagiye mu kibanza c’abamonaki ca St. Samuel the Confessor mu gisagara ca Maghagha kiri mu bumanuko bw’igihugu ca Misiri.  Mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka, amasengero abiri yaratewe n’abiyahuzi mu gisagara ca Alexandriya no mu gisagara ca Tanta. Igitero cagizwe ku musi w’ibisandasanda cahitanye abantu 45, abandi batari bake barakomereka.

from Voice of America http://ift.tt/2CkSpaE
via IFTTT

No comments:

Post a Comment