Abantu 10 Barakomerekejwe na bombe i St. Petersburg

Abantu cumi barakomerekejwe na bombe yakozwe n’iminwe yaturikiye hafi y'amazu yo kudandarizamwo mu gisagara ca St. Petersburg, mu Burusiya. Ivyo vyatangajwe n’abategetsi b’Uburusiya, kur’uyu wa gatatu. Abakora amatohoza bavuga ko buguruye amatohoza kuco bakeka nk'igikorwa co kugerageza kwica abantu. Abajejwe amagara y’abantu bavuga ko mur’abo 10 bakomeretse atawubabaye cane. Imvo yatumye ico gitero kiba gushik’ubu ntiramenyekana.

from Voice of America http://ift.tt/2E694N2
via IFTTT

No comments:

Post a Comment