Komisiyo y'Amatora muri Liberiya Isabwa Guhindurwa

Umukandida yaje ku mwanya wa gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu muri Liberiya, Charles Brumskine, amaze n’imisi yidoga ko ayo matora yabayemwo amahinyu, kur’uyu wa kane yasavye ko abagize komisiyo y’amatora basubirizwa n’abandi Umugambwe wiwe n’umwe mu migambwe itatu yanse ivyavuye mu gice ca mbere c’amatora co kuwa 10, ukwezi kwa cumi. Isango sentare nkuru y’igihugu ya Liberiya yari yashinze yo kwumviriza ibirego vy’utunenge twabaye mur’ayo matora ryo kur’uyu wa kane ryungururijwe kur’uyu wa gatanu. Mwibuke ko mur’ayo matora ya mbere George Weah, yar’imbere ku majwi 39 kw’ijana, akurikirwa na Joseph Boakai, yaronse amajwi 29,1 kw’ijana nawe Charles Brumskine ku mwanya wa gatatu n’amajwi 9,6 kw’ijana.

from Voice of America http://ift.tt/2A4PgH3
via IFTTT

No comments:

Post a Comment