Trump Yaragendeye Ingabo za Amerika muri Iraki

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’umutambukanyi wiwe Melania Trump baragendeye abasirikare ba Amerika bari muri Iraki mw’ibanga. Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya perezida, White House, Sarah Sanders yavuze ko bagiye muri Iraki mw’ijoro ryo kuri Noheli kugendera abasirikare ba Amerika n’indongozi zabo kubashimira ku bikorwa n’ukwitanga kwabo kandi yabipfurije Noheli. Uru rwabaye urugendo rwiwe rwa mbere agize nka perezida mu karere karimwo intambara.

from Voice of America http://bit.ly/2EQ0A0i
via IFTTT

No comments:

Post a Comment