Intumwa y'Ubumwe Bwa Bulaya Yasabwe kuva muri Congo

Igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo ejo kuwa kane cabwiye Ubumwe bwa Bulaya gutumako intumwa yabwo mur’ico gihugu bitarenze amasaha 48, mu kwihora ibihano vyafatiwe abategetsi 14, mu gihe hasigaje imisi ibiri ngo habe amatora. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Congo, Leonard She Okitundu. Mu kwezi kwa cumi na kabiri, igenekerezo ry’icumi, abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ubumwe bwa Bulaya barongereje ikindi kiringo ku bihano vyo kubuza kugira ingendo no gufata amatungo y'abategetsi 14 bagirizwa kubera intambamyi umugambi w’amatora n’ivyaha vyo guhungabanya uburenganzira bwa kiremwa muntu. Muri abo 14 harimwo Emmanuel Ramazani Shadary, yahoze ari umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, yatowe na perezida Joseph Kabila kuba kandida azomusubirira mu matora yo ku musi w’Imana.

from Voice of America http://bit.ly/2ENJK10
via IFTTT

No comments:

Post a Comment