Inama Nshingamateka ya Isirayeli Yasheshwe

Abashingamateka muri Isirayeli baremeje ejo kuwa gatatu gusesa inama nshingamateka na nkenguzamateka, bemeza kandi gutunganya amatora, mu gihe ayari ategekanijwe hari hasigaye amezi atandatu ngo abe, n’ukuvuga kw’itarliki 9 z’ukwezi kwa kane umwaka uza. Abashingamateka bavyemeje ku majwi 102 kuri babiri, inyuma y’aho kuwa mbere vyari vyemejwe n’urunani rushigikiye umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu. Abategetsi b’umugambwe uri ku butegetsi ntibashoboye guhuriza hamwe kw’itegeko rikomeye ryerekeye gushira abayahuzi b’aba orthodoxe mu gisirikare, bituma bemeza gutunganya amatora. Ivyiyumviro biva mu banyagihugu vyerekana ko umugambwe wa Netanyahu usa n’uwuzotsinda ayo matora. Ariko ayo mahirwe ashobora guhura n’intambamyi mu gihe umushikirizamanza mukuru wa Isirayeli yemeje gukurikirana Netanyahu. Netanyahu yagirizwa ivyaha vyo kurya ibiturire kandi ivyo bishobora gutuma atanga imihoho.

from Voice of America http://bit.ly/2Vf2jkq
via IFTTT

No comments:

Post a Comment