Perezida wa Gabon Ali Bongo Arakitswe n'Amagara

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Gabon kuri uno wa Mungu vyaremeje ko perezida  Ali Bongo akitswe n'amagara. Ike Ngouoni avugira ivyo biro yavuze ko amaze indwi zitatu ariko avurirwa mu bitaro biri ku murwa mukuru wa Arabiya Sawudite.  Amakuru y'uko perezida Bongo akitswe n'amagara yakomeje kugirwa ibanga.Ibiro vyiwe bivuye mu gacerere inyuma y' urukurukuru rw'uko aremvye cane rwari rumaze iminsi muri Gabon. Hari mbere n'ibihuha vy'uko yoba yaritavye Imana vyaje bikurikira urwo rukurukuru.  Amakuru ava mu baganga no mu biro vyiwe avuga ko ariko aratora mitende. Binugwanugwa ko yoba yagize ikibazo co kuvirirana mu bwonko.  Perezida Ali Bongo w'imyaka 59 y'amavuko ari ku butegetsi kuva mu 2009. Yasubiriye se wiwe Omar Bongo yategetse Gabon mu kiringo c'imyaka 40.   

from Voice of America https://ift.tt/2DA9Ox1
via IFTTT

No comments:

Post a Comment