Amerika Iribuka Intwari Zarwaniye Igihugu

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu w’Imana haributse umusi wiswe Veterans Days mu congereza, aho igihugu buri mwaka bibuka imiliyoni z’abagabo n’abagore bakoreye igisirikare c’igihugu, rimwe na rimwe bakigura ubuzima bwabo. Perezida Donald Trump, aho yari i Paris mu Bufaransa yanditse mu butumwa bwa Twitter yavuze ko kwibuka imyaka 100 intambara ya kabiri y’isi irangiye, ari ukwibuka intwari zarwanire Amerika muri iyo ntambara, hamwe n’uwo wese yarwanye kugira igihugu kigire amahoro, gikomere kandi cidegemvye. Nawe Perezida Barack Obama yahoze arongoye Amerika yarashimiye abahoze ku rugamba hamwe n’imiryango yabo, avuga ko abanyamerika bose bashobora kubigirako mu kwerekana umutima wo gukunda igihugu n’abakibamwo. Muri Reta zunze ubumwe uwo musi uhimbazwa kuri uyu wa mbere kuko itariki ya 11 y’ukwezi kwa cumi kwa kumwe uyu mwaka wibukirwako washitse ari mu mpera y’indwi.

from Voice of America https://ift.tt/2JW8Tan
via IFTTT

No comments:

Post a Comment