USA: Ukuri ku Vyabaye muri Ekleziya Katolika ya Washington

Ekleziya Katolika y’i Washington yarasohoye urutonde rw’abahoze bayikorera 28 ivuga ko bagirijwe ivyaha bifatiye ku gitsina kuva mu mwaka w’1948. Mu rwandiko rwasohowe ejo ku wa mbere, Ekleziya Katolika y’i Washington yavuze ko ari intambwe ikomeye izoshikana ku gushira ahabona ivyabaye, kumenya abavyagirizwa no gukira. Ekleziya y’i Washington yatanguye kuja mu bibazo kuva aho umwepiskopi  mukuru yahoze ayirongoye, Cardinal Theodore McCarrick, yagirijwe kugira imibonano mpuzabitsina n’abana hamwe n’abakuze, aca akurwa muri ayo mabanga mu kwezi kwa gatandatu. McCarrick mu nyuma yaciye atanga imihoho.

from Voice of America https://ift.tt/2ykmsvF
via IFTTT

No comments:

Post a Comment